Amakuru
9 mars 2023

Abakenyezi baracari inyuma y’abagabo mu bijanye n’ubuhinga bwa none

Ku munsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi urahimiriza abakenyezi kwijukira iterambere rifatiye ku buhinga bwa none. Biri mw’itangazo ryashikirijwe n’uwurongoye uwo muhari umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana. Umuhari MFFPS ugasaba na leta ko yokora ibishoboka vyose kugira abakenyezi ntibasigare inyuma mw’iterambere rifatiye ku bwa none.