Amakuru
8 octobre 2021

Abakenyezi 6 barishwe, abandi barakorerwa n’ayandi mabi

Abakenyezi 6 nibo bashoboye kumenyekana ko bagandaguwe, abagera kuri babiri baranyuruzwa, abandi bakorerwa ayandi mabi atandukanye. Ivyo tukaba tubisanga mu cegeranyo c’Umuhari w’abigeme n’abakenyezi baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS) co mu kwezi kwa Nyakanga cashizwe ahabona ku wa 06 Gitugutugu 2021. Umushingwamanza Immaculée Hunja, arongoye uwo muhari, avuga ko ayo mabi ahanini akorwa na bamwe mu bari mu nzego z’umutekano na bamwe mu Mbonerakure. Agasaba abajejwe igihugu kwubahiriza umutekano n’agateka ka zina muntu.