Abategetsi baka ibiturire abazana imitahe mu Burundi barakwiye kwikubita agashi kuko ni bo batuma bataza mu Burundi. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Abimenyesheje inyuma y’amajambo yavuzwe na Gélase Daniel Ndabirabe yagiriza abari ku butegetsi ko ari bo baburabuza abanyamitahe mu kubaka ibiturire. Chauvineau Mugwengezo asaba abategetsi guhaguruka bagahasha abo bononyi b’ubutunzi bw’igihugu.
Amakuru
29 décembre 2023