Amakuru
19 juillet 2023

Abajejwe intwaro n’igipolisi bazofatirwa mu rudandazwa rwa magendo rw’igitoro bagiye gushengezwa

Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu aragabisha abatware bo mu nzego zo hasi n’abapolisi ko hasubiye kwibonekeza ababika mu mazu igitoro bazobihanirwa. Hari ku munsi wa mbere mu nama yagirishije ba buramatari b’intara zose z’igihugu hamwe n’abarongoye abandi mu gipolisi. Martin Niteretse avuga ko hariho ugufatanya ivyaha hagati y’abo batware n’ababika igitoro.