Amakuru
8 mai 2024

Abajejwe intwaro bahamagarirwa gufasha muri rusansuma yimirije (M. Niteretse)

Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu asaba abajejwe intwaro gufata mu minwe umugambi wa rusansuma, bagafasha n’abazoba bari muri ico gikorwa kugira ntihaze habemwo ingorane. Martin Niteretse, agasaba kandi abanyagihugu kwishura neza ibibazo kuko rusansuma ifise intumbero y’iterambere ryiza ry’igihugu.