N’aho ubutegetsi bwahindutse kuva mu mwaka w’2020 mu Burundi, n’imvugo nziza z’abari muri leta, nticabujije ko ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ribandanya ku rugero ruteye ubwoba. Biri mw’ijambo ryashikirijwe kuri uyu wa kabiri n’uwurongoye Urunani rw’Abarundi bakorana na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI imbere y’abaserukira ibihugu vyateye igikumu ku masezerano y’i Roma yashinze CPI. Umushingwamanza Lambert Nigarura, arongoye CB-CPI, akaba kandi yahamagariye ayo ma leta gushigikira uwurongoye CPI kugira amatohoza ahere maze abakorewe amabi kuva mu mwaka w’2015 mu Burundi, buzurizwe n’ubutungane. Akaba yabivuze inyuma y’imyaka ine iheze Uburundi bwikuye mu masezerano y’i Roma ashiraho CPI.
Amakuru
9 décembre 2021