Amakuru
26 novembre 2021

Abaharanira agateka ka zina muntu nibo batahura abakorewe amabi afatiye ku gitsina

Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS) ngo urafasha abakenyezi bakorewe amabi afatiye ku gitsina mu kubavuza ku mubiri no mu mutwe. Tubimenyeshwa n’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, umunyamabanga mukuru w’umuhari MFFPS, mu gihe hahimbazwa iminsi 16 yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Hejuru y’uko uwo muhari ufasha abo bakenyezi mu kubavuza, ngo urabagenera kandi imitahe mito mito ishobora kubafasha gushinga imigambi.