Amakuru
6 décembre 2021

Abaharanira agateka ka zina muntu basaba ishirwa mu ngiro ry’itegeko ryo ku wa 22 Nyakanga 2016

Gushira mu ngiro ivyo itegeko ryo ku wa 22 Nyakanga 2016 rivuga ku kurwanya amabi afatiye ku gitsina ngo ntibikurikizwa mu Burundi. Ivyo ni bimwe mu vyasabwe n’Urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi (CAVIB) rufatikanije n’Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS), mw’ikete bandikiye umukuru w’Igihugu c’Uburundi. Bishikirizwa na Gustave Niyonzima, arongoye urunani CAVIB. Hari mw’isekeza ry’iminsi 16 amakungu yahariwe isekeza ryo kurwanya amabi afatiye ku gitsina ryama ritangura uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo rigasozerwa kw’igenekerezo rya 10 Kigarama.