Amakuru
14 mai 2022

Abaforoma bo mu Burundi barasaba ko umwuga wabo wubahirizwa

Igenekerezo rya 12 Rusama uko umwaka utashe, Uburundi burifatikanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi wahariwe abaforoma. Ariko rero, uwo munsi ushitse mu gihe ata rwego rugenga abaforoma ruhari. Mélance Hakizimana, arongoye sendika SYNAPA, asaba leta ko yoshiraho politike igenga umwuga w’abaforoma nk’uko n’izindi nzego zifise amategeko.