Amakuru
23 mai 2023

Abafise imodoka zifise ibiyo bitabona bahawe kugeza itariki 28 Rusama kugira babihindure

Umutekano muke wimonogoje muri ino misi ushobora kuva ku bagendera mu modoka zifise ibiyo bitabona. Kikaba ari co gituma leta yafashe ingingo y’uko ata yizosubira kuja mw’ibarabara ikibifise ata ruhusha ibifitiye. Ba nyene zo bakaba bahawe ikiringo co kugeza itariki 28 Rusama kugira babe babikuyeko. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’Umutekano, Martin Niteretse, ku munsi wa mbere mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru.