Amakuru
29 avril 2023

Aba Mayi Mulele Micombero yavuga bari Abahutu bategerezwa kwicwa

Mu 1972, Abatutsi barishe Abatutsi. Vyemezwa na Aloys Batungwanayo, umwe mu bagize umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira. Yabivugiye mu nama uwo murwi CVR wari watunganije ku munsi wa kane. Ku bwa Aloys Batungwanayo, intumbero ya Micombero yari ukwikura Abahutu b’incabwenge n’abifise n’imiburiburi mu kiringo c’imyaka 25.