Amakuru
18 février 2023

Abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi basaba irekurwa rya bagenzi babo 5 bapfungiwe mu Mpimba

Abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bariyamiriza ihagarikwa n’ipfungwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu batanu, uno munsi babarizwa mw’ibohero rya Mpimba kuva ku munsi wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma. Umushingwamanza Janvier Bigirimana, aranegura ingene ubutungane bwacitse igikoresho c’ubutegetsi, kugira butoteze abanyagihugu bwategerezwa gukingira. Uwo muhinga mu vy’amategeko asaba leta kwisubirako ikarekura abo baharanira agateka ka zina muntu, na cane cane ikubahiriza ibikorwa vy’abaharanira agateka ka zina muntu mu gihugu.