Amakuru
5 janvier 2021

Birababaje kubona hari abantu baguma bicwa, abandi bakanyuruzwa mu gihe ubutegetsi bwo mu Burundi bwari bujejwe kubakingira bwama buriko burasemerera bwemeza ko amahoro n’umutekano vyiraye mu Burundi

Abantu 6 bo mu muryango umwe baragandaguwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa mungu ku mutumba Gisenyi, wo muri commune ya Buhiga, intara ya Karuzi mu buseruko bushira uburaruko bw’igihugu. Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, avuga ko biteye agahinda, bibabaje kubona hari abantu baguma bicwa, abandi bakanyuruzwa mu gihe ubutegetsi bwo mu Burundi bwari bujejwe kubakingira bwama buriko burasemerera bwemeza ko amahoro n’umutekano vyiraye mu Burundi. Marie Louise Baricako agasaba abarongoye igihugu c’Uburundi kwikubita agashi, bagahagarika ubwo bwicanyi, bakongera bagashengeza abaguma bahekura Uburundi.