Amakuru
29 janvier 2022

Agateka k’abakenyezi kabandanya guhungabana, 16 barakorewe amabi afatiye ku gitsina

Abantu bagera kuri 16 bafashwe ku nguvu, abakenyezi bagera kuri 8 bahohotewe bakubitwa n’abo bubakanye, n’abana bagera kuri 30 bakorewe ihohoterwa. Ivyo bitigiri bikaba biri mu cegeranyo c’amezi 3 ya nyuma y’umwaka w’2021 c’Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS). Bishikirizwa na Claudine Ndayishimiye, ari muri uwo muhari. MFFPS iratera akamo leta y’Uburundi gukingira Abarundi bose, na cane cane abakenyezi.