Amakuru
26 novembre 2021

Amabi afatiye ku gitsina ni ikintu cose kibi gikorerwa umuntu hisunzwe igitsina ciwe

Amabi afatiye ku gitsina ngo ni ibikorwa vyose vy’ubugizi bwa nabi bukorerwa umuntu ku nguvu, ayo mabi akayakorerwa kubera igitsina ciwe, ivyiyumviro vyiwe, ubwoko bwiwe n’izindi mvo. Umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, umunyamabanga mukuru w’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS), aratwiganira ubwoko butandukanye bw’ayo mabi afatiye ku gitsina n’ingaruka zayo.