Amakuru
22 octobre 2021

Ibibanza vyaziganijwe bitegerezwa gusubira mu minwe ya leta ata gisabwe

Abantu bigaruriye ibibanza bibujijwe kwubakamwo babwirizwa kubisubiza. Vyashikirijwe na Alain Guillaume Bunyoni, umushikiranganji wa Mbere. Hari ku munsi wa gatatu mu nama nshikiranganji. Alain Guillaume Bunyoni adoma urutoki kuri bamwe mu bakozi ba leta ko aribo bigaruriye ivyo bibanza. Ibibanza navyo bisigaye ngo bigiye gukingirwa hafatwe n’ingingo z’ukugira ivyo bibanza vyubahirizwe.