Amakuru
17 septembre 2021

Ubuhinga Francine Niyonsaba yerekanye i Zaghreb buzofasha cane Abarundi bafise ingabirano yo kwiruka

Intsinzi ya Francine Niyonsaba mw’ihiganwa ryo kwiruka imetero 2000 izotuma urwaruka ruja mu nkino zo kunonora imitsi rutera imbere na cane cane rugafatira akarorero kuri Francine Niyonsaba. Ni ibivugwa na Tharcisse Harerimana, umumenyeshamakuru mu bijanye n’inkino, akaba yaratwaye umurwi ujejwe gukurikiranira hafi ibijanye n’inkino (CNO). Tharcisse Harerimana akizera ko abayobozi mu bijanye n’inkino bagiye gukora uko bashoboye ngo bamenye urwaruka rufise ingabirano n’ubuhinga mu bijanye no kwiruka, kugira ngo ruje mu nkino mpuzamakungu.