Amakuru
3 août 2021

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya arifatanya n’Abanyarwanda basinzikajwe na nyamugigima

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu Hassan, yashimye uko imigenderanire yifashe hagati y’ibihugu bibiri bibanyi. Mw’ijambo yashikirije avuye mu mubonano n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame, Samia Suluhu Hassan yaronse akaryo ko guhoza Abanyarwanda inyuma ya nyamugigima yabaye mu gisagara ca Rubavu mu buraruko bw’ico gihugu, aho ibintu vyahononekariye biturutse ku birunga.