Inyuma y’igihe kitari gito Uburundi bunana, bwigaruye buremera ko urucanco rw’umugera wa Corona rwotangura gukora mu Burundi. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana yabimenyesheje kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru. Umushikirangaji akaba yamenyesheje ariko ko Leta y’Uburundi ata na kimwe izobazwa niyo hagira umunyagihugu urwo rucanco ruzogirako ingaruka mbi.
Amakuru
31 juillet 2021