Amakuru
16 juillet 2021

MSPLS iragabisha ko ubwoko Delta bw’umugera wa Corona bwageze mu Burundi

Umugera mushasha wa Corona waturutse mu gihugu c’Ubuhindi bita Delta ngo waramaze gushika mu Burundi. Abantu batatu nibo bamaze kuwutorwa, babiri bakaba bazananye mu gihugu c’Ubuganda, uwundi umwe nawe yaje avuye mu gihugu ca Somaliya. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Dr Thaddée Ndikumana akaba yabimenyesheje kuri uyu wa kane igihe yari yagiye kugendera ibiro vy’uwuserukira ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS mu Burundi.