Amakuru
1 juillet 2021

Si umukuru w’igihugu afata ingingo y’uko amasezerano ishirahamwe rifitaniye na leta y’Uburundi ahagarara

Si umukuru w’igihugu afata ingingo y’uko amasezerano ishirahamwe rifitaniye na leta y’Uburundi ahagarara na cane cane mu gihe bidakurikije inzira bisanzwe bicamwo. Umushingwamanza Janvier Bigirimana akaba abishikirije inyuma y’aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye afatiye ingingo yo guhagarika ishirahamwe rijejwe gukwiragiza ibisata vy’ikigo kiraba ko imodoka zikwije ivyangombwa. Nk’uko bisigurwa n’uwo munyamategeko, urwego rw’umukuru w’igihugu rufise inzego nyinshi zishobora kwiga neza ico kibazo. Mu gihe iryo shirahamwe ryokwitwarira leta rikongera rikayitsinda, ni leta n’abanyagihugu bohahombera.