Amakuru
3 juin 2021

Abanyororo bamwe bamwe bagirizwa ivyaha vya politike bari mw’ibohero rya Mpimba bafashwe nabi

Abanyororo bamwe bamwe bagirizwa ivyaha vya politike bari mw’ibohero rya Mpimba bafashwe nabi aho bakorerwa amabi atandukanye. Abakora ayo mabi ni abanyororo bari mu mugambwe uri ku butegetsi babifashijwemwo n’abatwara iryo bohero. Ivyo biri mu rwandiko ACAT-Burundi yasohoye nk’uko tubishikirizwa na Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi. ACAT-Burundi igasaba ubushikiranganji bw’ubutungane kwubahiriza amategeko agenga abo banyororo.