Amakuru
28 mai 2021

Ubufaransa burafise uruhara mu vyabaye muri kahise, n’ivyo bubazwa muri politike y’Urwanda

Ubufaransa burafise uruhara mu vyabaye muri kahise, n’ivyo bubazwa muri politike y’Urwanda. Ni muri ayo majambo umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yemanze uruhara rw’ico gihugu inyuma y’imyaka 27 habaye ihonyabwoko vy’abatutsi mu 1994. Hari ku cibutso co mu gisagara ca Kigali mu rugendo yatanguje kuri uno wa kane mu Rwanda. Emmanuel Macron akaba yaboneyeho gusaba abanyarwanda ngo bagirire imbabazi igihugu c’Ubufaransa.