Amakuru
9 mars 2021

Abakenyezi 3 barishwe, uruyoya rwatowe ari ikiziga, umukobwa w’imyaka 16 afatwa ku nguvu, hamwe n’abandi bahagaritswe bidaciye mu mategeko mu kwezi kwa kabiri

Abakenyezi 3 barishwe, uruyoya rwatowe ari ikiziga, umukobwa w’imyaka 16 afatwa ku nguvu, hamwe n’abandi bahagaritswe bidaciye mu mategeko mu kwezi kwa kabiri. Ivyo biri mu cegeranyo casohowe n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS). Kubwa Sophie Shima, ajejwe gutanga amakuru muri uwo muhari, abakekwa gukora ayo mabi ni Imbonerakure, abajejwe umutekano, hamwe n’abigisha. Agasaba Leta y’Uburundi gukora uko ishoboye kugira ihagarike ayo mabi.