Amakuru
8 mars 2021

Kubura intwaro nziza ishira imbere ineza ya bose mu Burundi vyarazingamitse inzego z’igihugu zijejwe gukingira agateka ka zina muntu

Kubura intwaro nziza ishira imbere ineza ya bose mu Burundi vyarazingamitse inzego z’igihugu zijejwe gukingira agateka ka zina muntu gushika n’aho amashirahamwe y’abakenyezi atagishobora no kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi. Ibi biri mw’itangazo ry’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano MFFPS, ryo kuri uno wa 08 Ntwarante, umunsi mukuru mpuzamakungu w’agateka k’umukenyezi. Icivugo c’uno mwaka akaba ari « Ubutwari bw’umukenyezi mu guharanira kazoza keza kanganisha bose muri iki gihe turimwo ca Coronavirus n’inyuma yaho ». Umushingwamanza Immaculée Hunja, arongoye uwo muhari, agasaba Leta gushira abakenyezi mu migambi yose yo kurwanya ikiza ca Corona.