Amakuru
4 mars 2021

Urubanza rw’akarenganyo ruherutse gucirirwa abamenyeshamakuru 7 b’abarundi aho baciriwe gufungwa ubuzima bwabo bwose, bica kubiri n’ubwigenge bwo gushikiriza iciyumviro n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru

Urubanza rw’akarenganyo ruherutse gucirirwa abamenyeshamakuru 7 b’abarundi aho baciriwe gufungwa ubuzima bwabo bwose, bica kubiri n’ubwigenge bwo gushikiriza iciyumviro n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, eka n’amasezerano leta yagiye iraterako umukono ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Ivyo bishikirizwa n’urunani rw’abamenyeshamakuru bo muri Afrika (CAJ) mw’itangazo bashize ahabona kuri uyu wa gatatu. William Oloo, umunyamabanga mukuru w’urwo runani, ahamagarira abategetsi b’Uburundi kugarukana icizere hagati y’ibimenyeshamakuru na leta. Urunani CAJ rukaba rutera intege abamenyeshamakuru b’abarundi hamwe n’abakorera mu buhungiro.