Amakuru
20 août 2024

Ibice 41 % vy’imiryango mu Burundi bihanzwe n’ugufungura nabi

Icegeranyo cashikirijwe mu mwaka w’2023 kirerekana ko ibintu bitifashe neza mu Burundi kuko ibice 41 % vy’imiryango bihanzwe n’ugufungura nabi. Ivyo bitigiri vyashizwe ahabona mu mpera z’indwi iheze igihe hariko harashikirizwa imigambi ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’uburimyi FAO ritegekanya kurangura hagati y’umwaka w’2024 na 2027. Pissang Tchangai Dadémanao, aserukira FAO mu Burundi, yamenyesheje ko amashirahamwe atandukanye ya ONU ariko afise ku mutima ico kibazo, akibutsa ko ishirahamwe ryose riterera ivyo rishoboye mu ntumbero ryihaye mu guhangana n’ico kibazo c’ugufungura nabi.