Amakuru
29 mai 2024

Amajambo y’ukuvuga ko Uburundi bwigenga atuma imfashanyo zitaboneka (G. Ndayikengurutse)

Ugutunganya neza imfashanyo, kuri mu bisabwa nyamukuru n’abazitanga kugira basubire gufasha Uburundi. Leta itegerezwa rero kwubahiriza ibisabwa vyose kugira isubire kuronswa izo mfashanyo. Uwo ni umwihwezo wa Dr Guillaume Ndayikengurutse, umuhinga mu vya politike. Akaba yabivugiye ku mboneshakure y’Isanganiro, aho ahamagarira abategetsi kutabandanya bashira imbere ukwikukira n’ubwigenge bw’Uburundi bituma ababufasha birabira hirya iyo bubakeneye.