Umumenyeshamakuru agiye kuzohora avuga aho yakuye inkuru. Biri mw’itegeko rishasha rigiye kugenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi. Iryo tegeko ryatowe n’abashingamateka kuri uyu wa 7 Rusama. Umushikiranganji wo Kumenyesha amakuru Léocadie Ndacayisaba, yari mu Nama nshingamateka kurisigura, yamenyesheje ko kuvuga aho umumenyeshamakuru yakuye inkuru kuzotuma abamenyeshamakuru bavuga amakuru y’ukuri.
Amakuru
8 mai 2024
