Amakuru
7 mai 2024

Umuyobozi mukuru wa PAFE asaba abitura ico kigo guca mu nzira zizwi mu kurondera impapuro z’inzira

Ibibazo bijanye n’itangwa ry’impapuro z’inzira biterwa ahanini n’abakoresha impapuro za magendo kuri bamwe mu basaba izo mpapuro z’inzira, hamwe n’icikagurika ry’umuyagankuba. Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru mu mpera z’indwi iheze, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe abinjira n’abasohoka igihugu, Maurice Mbonimpa, yamenyesheje ko mu bakoresha ayo mayeri hari abamaze gushengezwa mu butungane. Agahamagarira abitura ico kigo gukoresha inzira zizwi n’amategeko kugira basabe impapuro z’inzira, akongera akanabaremesha ko izo mpapuro zihari ku rugero rukwiye.