Amakuru
29 décembre 2023

Ugusubiza ububasha bwo guca imanza Sentare igenzura ubutunzi bwa leta ni kwiza (Pr Masabo)

Itunganywa rishasha ry’ubutunzi bw’igihugu rizotuma haba impinduka nziza mw’ikoreshwa ry’uburyo bwa leta. Ico ni icizere c’umwigisha mu vy’ubutunzi mu makaminuza Michel Masabo. Abona ko hari ibintu bibiri nyamukuru bizotuma iyo mpinduka iba. Ivyo na vyo ni isubirwamwo ry’amafaranga leta izokoresha rifatiye ku migambi bise « budget-programme », hamwe no gusubiza ububasha bwo guca imanza Sentare igenzura ubutunzi bwa leta. Umwigisha Michel Masabo yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku munsi wa gatatu.