Umurwi usuzuma ibijanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, warasuzumye ibijanye n’ingene ico caha cifashe mu Burundi. Uwo murwi ukaba wasanze ihohoterwa rya kiremwa muntu rigikorwa, kwaka ubuzima kiremwa muntu usanga bikorwa mu bwicanyi ndengerabutungane hamwe n’ababurwa irengero baheza bakicwa. Umushingwamanza Lambert Nigarura, yari yaserukiye amashirahamwe 10 yagize icegeranyo cashikirijwe kuri ayo mabi, amenyesha ko ivyaha vyo guhohotera kiremwa muntu bibandanya gukorwa, hanyuma ntibihanwe n’ubutungane. Aranegura ingene intumwa za leta y’Uburundi zatanze insiguro zidafashe, ariko akizera ko ibisabwa n’uwo murwi wa ONU ku Burundi, leta izokwikubita agashi ikabikurikiza.
Amakuru
3 novembre 2023