Amakuru
16 octobre 2023

Ingingo yo gucukura umusenyi mu nzuzi zimwe z’i Bujumbura yarahagaritswe (umushikiranganji Dodiko)

Ingingo ihagarika vy’imfatakibanza ibikorwa vyo gucukura umusenyi n’ibindi bikoresho vyo kwubaka mu bibanza bimwe bimwe vyo mu nzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura yarahagaritswe kuva ku wa gatandatu uheze igenekerezo rya 14 Gitugutu. Iyo ngingo yari yafashwe ku wa 4 Myandagaro uno mwaka. Vyavuzwe na Prosper Dodiko, umushikiranganji w’Ibidukikije mu kiganiro yagize n’abamenyeshamakuru inyuma yo kugendera bimwe muri ivyo bibanza. Agasigura ko iyo ngingo iterekeye ibibanza vyose bikorerwamwo ivyo bikorwa ku mvo yo kubandanya bakingira izo nzuzi n’abazegereye.