Abarwizatunga bakura ibintu hanze baraburirwa. Ikigo kijejwe ubuziranenge BBN nta giturire kizokwigera cemera. Ivyo bimenyeshwa na Sévérin Sindayikengera. Umuyobozi mukuru wa BBN yabishikirije mu kiganiro yakoranye n’abamenyeshamakuru ku munsi wa mbere, aho yariko ashikiriza ivyuma fer à béton vyankiwe kwinjira kubera bidakwije ivyangombwa bisabwa mu Burundi no mu karere ka EAC. Sévérin Sindayikengera amenyesha ko uwuzosubira guhirahira gushaka gutanga igiturire muri ico kigo azoca afatwa.
Amakuru
20 septembre 2023