Amakuru
27 juillet 2023

Inyubako zose ku kiyaga Tanganyika zisabwa gusiga inzira hagati yazo

Abaronkejwe ibibanza ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika bahamagarirwa gusiga hagati y’inyubako zibiri zegeranye n’imiburiburi imetero zitandatu kugira abantu bose bavyipfuza baronke inzira ishika ku kiyaga. Akamo gaterwa n’umushikiranganji w’Inyubako. Ku bwa Dieudonné Dukundane, ikiyaga Tanganyika ni itunga rusangi, ari na co gituma ata wokwimirwa kugishikako.