Amakuru
10 février 2021

Musitanteri wa komine Gishubi, mu ntara ya Gitega, aherutse gufata ingingo  zibuza abakenyezi n’abigeme  kwidegemvya

Musitanteri wa komine Gishubi, mu ntara ya Gitega, aherutse gufata ingingo  zibuza abakenyezi n’abigeme  kwidegemvya. Imwe muri izo ngingo ivuga ko abakenyezi n’abigeme batemerewe gutembera inyuma y’isaha imwe y’ijoro. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekeno mu gihugu c’Uburundi, uranegura izo ngingo.  Me Immaculée Hunja, arongoye uwo muhari, akabona ko uko ari uguhohotera abakenyezi n’abigeme, agasaba kandi ko vyohagarara.