Abantu 9 b’igitsina gore baragandaguwe bunyamaswa, 7 barafatwa ku nguvu muri uku kwezi kwa Nzero, 5 nabo baragurishwa mu rudandandazwa rwabantu. Ibi biri mu cegeranyo c’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano c’uku kwezi kwa mbere. Umushingwamanza Immaculée Hunja awurongoye, agasaba abarongoye igihugu c’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugira bahagarike itotezwa rikorerwa abantu b’igitsina gore.
Amakuru
10 février 2021