Ibibanza bigera kuri 30 ni vyo vyaraye bishikirijwe abandi banyagihugu bafise ubushobozi bwo gukoreramwo ibikorwa vy’iterambere muri site ya Kajaga, mu gisagara ca Bujumbura. Abari barabihawe, haraheze imyaka 10, bari bemeranije na leta ko bagiye kwubaka amazu y’ubudandaji mu kiringo c’amezi 6 ariko ntivyigeze bija mu ngiro. Umushikiranganji ajejwe inyubako Dieudonné Dukundane akaba ashima ko abo bashasha baza baramaze gutangura kwubaka.
Amakuru
22 juillet 2023