Amakuru
16 juillet 2023

Ukwiharira isoko y’igitoro kuri mu bituma gikena mu Burundi

Abarongoye igihugu ni bahindure umukenyuro, abafise isoko ryo kurangura igitoro hanze y’igihugu baribake, bitari uko zizoba ari inyungu abo bategetsi baharanira. Bishikirizwa n’ishirahamwe PARCEM rikangurira Abarundi guhindura ingendo. Ni inyuma y’aho Rosine Guilène Gatoni, umuvugizi w’umukuru w’Igihugu, yemeje kuri uyu wa kane ko igitoro gihari gikwiye mu bubiko bwo muri Tanzaniya, ikibazo gihagaze ku kungene gishika mu Burundi. Kandi ko leta iriko iriga ukuntu hobaho ububiko mu Burundi bushobora kuza burafasha mu kurindira ko ikindi gishikanwa. Ku bwa Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM, ivyo si vyo kuko n’isoko ry’abubaka ubwo bubiko ntiriratangwa.