Ibiyayuramutwe bitera amabi menshi yononera ubuzima abantu benshi. Ugasanga ababikoresha, hakwitabwaho ngo bavurwe, bafatwa bagapfungwa. Ivyo binegurwa na Ghada Waly, arongoye ikigo ca ONU kijejwe kurwanya ibiyayuramutwe n’amabi abikomokako, ONUDC. Yabishikirije kuri uyu wa 26 Ruheshi, umunsi wahariwe kurwanya ibiyayuramutwe. Asaba ko ico gisata coronswa uburyo bukwiye kugira abo bantu basubizwe iteka n’intambara y’ibiyayuramutwe igende neza.
Amakuru
28 juin 2023