Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo riratera akamo leta ngo ihindure umukenyuro mu kurondera inyishu ku kibazo c’igitoro kiriko gisubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu n’ubuzima bw’abanyagihugu. Faustin Ndikumana, arongoye iryo shirahamwe, asaba leta gutunganya gushasha ibijanye n’ingene igitoro kigurwa kigashikanwa mu gihugu kandi bigakorwa mu muco, hamwe no kuvavanura n’itangwa ry’amasoko usanga ryiharijwe n’umuntu canke ishirahamwe rimwe.
Amakuru
24 juin 2023