Ugutandukanya imvyaro kuri mu bifasha mu kwirinda indwara yo mu kigo ku bakenyezi bibarutse bigoranye. Ivyo bishikirizwa na muganga Ananie Ndacayisaba, arongoye umugambi w’igihugu witaho irondoka rijanye n’amagara meza, PNSR. Aranahumuriza abakenyezi ko mu gihe bagiye kwa muganga hakiri kare, bakira. Mu mwaka w’2022, ku bakenyezi 110 bituye ikigo Urumuri i Gitega, 93 barakize neza.
Amakuru
23 mai 2023