Amakuru
24 mars 2022

Buke buke, abanyagihugu bagenda baratahura akamaro ko kuvyara ku rugero

Imiryango ikoresha ubuhinga bwo gutandukanya imvyaro yavuye ku bice 30 kw’ijana kuva mu mwaka w’2015 ija kuri 40 kw’ijana mu mwaka w’2020 mu gihugu cose. Ibiharuro vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri na Muganga Ananie Ndacayisaba, umuyobozi ajejwe irondoka rijanye n’amagara meza. Ananie Ndacayisaba yongera akamenyesha ko ibihuha ari vyo vyatumye badashika ku giharuro ca 50 kw’ijana.