Amakuru
16 mai 2023

Aba komisyoneri b’i Bujumbura bategerezwa guhindura akazi, bafatwa nk’abakoresha ububeshi

Abategetsi mu ntwaro no mu gipolisi bahamagarirwa gutuza ingendo y’abiyita abakomisyoneri mu makomine yose. Akamo katewe n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu mu mubonano yagiranye n’abajejwe intwaro n’igipolisi mu gisagara ca Bujumbura. Martin Niteretse amenyesha ko iryo sekeza ryo kugwanya abo yita abasuma, rizobandanya kugira batuzwe haba mu masoko canke ahandi hose bakorera ivyo bikorwa binyuranye n’amategeko.