Ibikorwa vy’umugambi wo gukora amakarata ya karangamuntu akozwe mu buhinga bwa none mu Burundi vyaratanguye. Vyashikirijwe na Martin Niteretse, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu. Hari ku munsi wa kane, inyuma y’inama yahuje ubwo bushikiranganji na PNUD, ishami rya ONU rijejwe iterambere. Martin Niteretse akaba yamenyesheje ko ama komine 11 amaze kuronswa ubwo buhinga bwa none, bizeye no kuzobandanya no mu zindi komine z’igihugu.
Amakuru
14 avril 2023