Amakuru
12 avril 2023

Amatohoza aracabandanya kugira hamenyekane ahahambwe umwami wa nyuma Ntare V

Gushika uyu munsi nta makuru yo kwizera araboneka amenyesha neza na neza ahahambwe umwami wa nyuma w’Uburundi Ntare V inyuma y’aho agandaguriwe mu mwaka w’1972. Ivyo bisigurwa na Pierre Claver Ndayicariye, arongoye umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR, hari mu kiganiro yaremesheje ku wa mbere uheze imbere y’abamenyeshamakuru. Ndayicariye avuga ko ababahaye amakuru badafise amakuru amwe ku bijanye n’aho yahambwe. Bamwe bavuga ko yahambwe i Tankoma mu ntara ya Gitega, abandi na bo bakavuga ko yahambwe mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mushasha. Akanegura ko abafise amakuru nyayo badashaka kuyavuga.