Amakuru
11 mars 2023

ACAT-France isaba abategetsi b’Uburundi kurekura ata gisabwe umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye

Ishirahamwe mpuzamakungu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-France riratera akamo abategetsi b’Uburundi kurekura ata gisabwe umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Ako kamo tugasanga mw’ikete iryo shirahamwe ryarungikiye umushikiranganji w’Imigenderanire y’Uburundi n’amakungu. Ku bwa Clément Boursin, ajejwe igisata ca Afrika muri ACAT-France, ipfungwa rya Floriane Irangabiye, co kimwe n’iry’abaharanira agateka ka zina muntu batanu baherutse gufatwa, riza kubandanya ricafuza isura y’Uburundi.