Amakuru
16 février 2023

Ibitoro vyasubiye kubura, birabangamiye ubutunzi bw’imiryango

Harasubiye kwibonekeza ubukene bw’ibitoro mu bice vyose vy’igihugu inyuma y’agahengwe kari kamaze iminsi. Vyatanguye kwibonekeza haraheze ukwezi, mu ntara zo hagati mu gihugu, cane cane mu buraruko imbere y’uko ubwo bukene bwibonekeza mu gihugu cose harimwo no ku mirwa mikuru. Ivyo bikaba bitera uruhombo runini ku banyagihugu bagira urudandaza hamwe n’abiyunguruza bakoresheje ivyuma binywa ibitoro. Abo banyagihugu bagasaba ko leta yotorera umuti ico kibazo burundu.