Amakuru
20 janvier 2023

Nta kigongwe ku wo ari we wese atazokwubahiriza ibiciro vy’isukari, isima n’ibinyobwa vya BRARUDI

Uwuzohirahira ntiyubahirize ibiciro vyashinzwe vy’ibidandazwa nk’isukari, isima canke ibinyobwa vya BRARUDI azoca yugarirwa burundu. Ayo ni yo majambo umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu yakoresheje mu kugabisha abajejwe intwaro n’umutekano mu ntara ya Rumonge. Uwo mushikiranganji yabivuze mu gihe we hamwe n’abandi bashikiranganji bamwe bamwe bari bagendeye ku munsi wa kane iyo ntara, aho bagiranye ibiganiro n’abajejwe intwaro n’umutekano, hamwe n’abaserukiye abanyagihugu.