Amakuru
12 janvier 2023

Amazu yegereye ibigega vyo kuyungurura amazi mabi mu Buterere ariko arabomorwa

Ibiro vy’igisagara ca Bujumbura vyaratanguye kubomora kuva ku munsi wa mbere amazu yegereye ibigega vy’amazi mabi y’ikigo SETEMU muri zone ya Buterere. Imvo ngo ni uko bubatse mu bibanza bigenewe kurimwamwo. Imyidogo ikaba ari myinshi mu banyagihugu bavuga y’uko ayo matongo bayaguze biciye mu mategeko.